'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, January 20, 2024

Reta yoba igiye gushumbusha abayisahuye

 Reta yoba igiye gushumbusha abayisahuye

Bujumbura, igenekerezo rya 20 Nzero 2024, Gako News (Blog)  Icegeranyo co kw'igenekerezo rya 4 Mukakaro 2023  c'umurwi warushinzwe kumenya inkomoko y'amatongo yihagiwe n'abantu maze bakayagurisha kirerekana amakenga akomeye ku matongo arenga 14 yihagiwe n'abantu


Amezi abiri arakwiye Nsengiyumva
Egide yahoze arongoye  umutumba wa Gishingano , zone Nyambuye, Komine Isare yo mu ntara ya Bujumbura arekuwe inyuma yo gupfungwa muvyo yagirizwa harimwo uguhungabanya umutekano w'igihugu. Kuri uyo mutumba bamwe bavuga ko bishoboka ko uyo yahoze abarongoye yaciye akurwa muri ayo mabanga gihutihuti kandi ataragira icaha ico ari cose kandi agaca asubirizwa n'uwugira kane mu batowe mu gihe yari gusubirizwa n'icegera ciwe . Ngo arashobora  gupfungwa kuko ''abatumye ajanwa mw'ibohero ataco babaye ahubwo bivugira'' bati : '' Gahanga wishwe n'iki?''. 

Ku matongo ari aho bita mu gutepe , imbere y'ikirimba c'Umukuru w'igihugu, bamwe mu banyagishingano bafise amakenga ko Reta yoba igiye gushumbusha abayisahuye'' kuko bene kunyagira itongo rirenza ihegitari 3  haraciye igihe barindiriye ku mayeri kuzoshumbushwa mu bandi mu gihe ico kibanza kigiye kwegukira ikirimba. 

Nkuko bivugwa n'abo benegihugu ayo matongo yihagiwe n'abantu batandukanye ariko abaza kw'isonga ni Miburo Jean Bosco,  Ndabigeze Jean Claude, Nsinzinkayo Emmanuel, Ntahomvukiye Egide, Ntamarerero Jean Cluade yahoze ari umukuru wa zone , Manizontunga Paul yahoze ari umukuru w;umutumba, Butoyi Bonaventure na  Havyarimana Moise. Abo nabo ngo bisigura bavuga ko ayo matongo bayaronse ari uko Komine ibagurije aho iba yabatwaye ku mvo zokubaka inyubako rusangi. Ariko ico cegerenyo bavuga ko cashikirijwe igikorwa kitarahera cerekana ko ayo matongo usanga ari manini cane ugereranije n'uburinganire Kimine iba yabahe mu kubakabira. Aha naho nyene bisigura bavuga ko baronka hanini kuruta aho baba batanze kuko aho baba batanze haba ari heza ugereranije naho bahabwa hoho ngo wasanga ari mu bimangamanga. 

Uyo murwi wari urongowe na Niyoyitungira Guillaume  'umuhanuzi mu vyo amategeko  wa buramatari w'intara ya Bujumbura warerekanye ko amatongo amwe amwe atagira inkomoko itomoye . Aho ni nk'amatongo yishikirijwe na Havyarimana Moise n'umukenyezi wiwe. 

Ayo matongo ya Reta ari mu bibanza bitandukanye bigize zone Nyambuye. Abo benegihugu bavuga ko nkakarorero k'itongo riri imbere y'ishure  Sainte Therese de l'Enfant Jesus ryagurishijwe n'uwitwa  Nzokirantevye Pascal mu 2020. 

Bamwe mu benegihugu bo ku mutumba Gishingano, Komine  Isare intara ya Bujumbura baratera ivyatsi bamwe mu ndongozi zo muri iyo zone bakoresha ububasha bafise mu kwishikiriza amatungo yegukira Reta. Batanga akarorero k'uwahoze arongoye iyo zone Nyambuye, Bitariho Djuma aho umuryango wiwe waciye ugurisha amatongo yari yarishikirije. 

Umugwi wari ujejwe gutohoza ku matongo yegukira Reta ariko yintyagiwe n'abantu abwe bakadandaza ayandi bakayitirira abandi. Abenegihugu bati aho kuronderwa abanyuruje amatungo ya Reta hafashwe uwatanze inkuru. Batera akamo umurwo wo kurwego rw'igihugu ujeje gukiurikirana amatongo ya Reata guha iagaciro ico cegeranyo mu ntumbero guca intege abantu biha uburenganzira bwo kwihagira itunga rusangi. 

Twikwibutsa ko Nsengiyumva Egide afatikanije n'abandi bo kuri uyo mutumba bari barandikiye ibiro vy'ukmukuru w'igihugu bavuga ku makenga bafise ku matongo ari ku mitumba itandukanye ya zone Nyambuye. 

No comments: