'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, June 3, 2023

Ngaya amafoto atandatu yahishuriwe Mapendo avuga abantu mu mashengero

Ngaya amafoto atandatu yahishuriwe Mapendo avuga abantu mu mashengero 

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie ati : '' Imana yacu ntimenyerwa. Imana yacu irikwije, ntamuhanuze ifise, ikubwiye ku gendera muri A ni A, igutegetse kugendera muri B ni B''.




Ku wagatandatu igenekerezo rya 20 Rusama Mapendo yatanze ivugabutumwa ku rushenegero Holeb Bright Church ruri mu karere ka Nyamirama, Districte Kayonzi mu gihugu c 'Urwanda. Ni ku birometero 87 uvuye mu gisagara ca Kigali. Inyigisho yashikirije yisunze amafoto atandatu yahishuriwe ngo adondora abantu mu mashengero.


Mapendo yashitse ku kibuga c'indege Ndadaye Mechior kw'igenekerezo rya 27 Ndamukiza aho mu bamwakiriye harimwo umunega wiwe asanzwe nawe nyene ari umu pasitori aho yaravuye mu gihugu ca Tanzaniya mu gikorwa c'ivugabutumwa.

Muri iryo vugabutumwa, Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie yaherekejjwe na pasitori Niyonzima Pierre Claver wo mu rushengero Rocher. Bakiriwe n'umurongozi w'urwo rushenegero Mukakiraba Felicite ahagatiwe n'abapasitori bajwe baherekejwe n'abakristu bavuye ku yandi mashenegero.





Mu nyigisho yatanze mu rurimi rw'ikinyagwanda biraheza bitangaza abari bakoraniye aho yavuze ko yagiye gutegura umugeni wa kristu kuko ari bwo butumwa afise kw'isi yose. Amaze kbaza abari ngaho boba bazi imyaka basigaje ngaha kw'isi yaciye akoresha inyigisho ifatiye kw'ihishurwa ry'amasanamu atandatu yagaragaza abakristu mu rushengero.






Ifoto ya mbere : Abantu bahagaze bashije ukuguru kumwe mw'ishengero ukundi hanze

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie yavuze ko mu vyo yahishuriwe yabonye abantu benshi bahagaze ukuguru kumwe kuri hanze ukundi kuri mw'ishengero. bariko baravyigana.Uko kuguru kuri hanze ni umutima wabo ukundi kuguru kuri imbere mw'ishenegero ni umubiri wabo. Ngo bari mw'ishengero berekana ko ari aba kristu babukwiye ariko imitima yabo ngo iri kure y'Imana. Mu kwitsa iryo bonekerwa ngo yahawe ikigane co muri Matayo 23, ikigabane ca 28 havuga ko inyuma abantu baboneka ko ari abagororotsi ariko mu mitima bauzuye uburyarya n'ubugome. Yaciye yungukako igisomya co muri Matayo 15,8 havuga ko ubwoko bw'abantu bushimisha Imana iminwa ariko imitima yabo iri kure yayo.



Ifoto ya kabiri : Uruvuruvu

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie ngo abona uruvuruvu rukinagira mu rushengero aca aribaza nimba urushenegero rwacitse urubuga rw'uruvuruvu. Ngo Imana iramubwira ngo ivyo bivururuvu ni abakristu. Iyo bari mw'ishengero ni abakristu bakomeye ariko iyo bari hanze ni abapagani. Iyo bari kumwe n'ababeshi bacika ababeshi, iyo bari mu basambanyi baba basambanyi ariko ngo iyo bari mw'ishengero ni abagororotsi. Mwene abo bantu iyo bari hanze y'urushengero ngo ntibigera bashingira intahe Inama kugutinya ko abapagani babatwenga. Yavuze ko k'uruvuruvu yahawe ibisomwa vyinshi kimw murivyo ni Matayo 10,32 havuga ko umuntu wese azo nshingira intahe umwana w'Imana imbere y'abantu nawe azomushingira intahe imbere yase ahangamye mw'ijuru. Nawe ngo azomwihakana wese nawe azomwihakanira imbere ya se avyagiye mw'ijuru.
Aha Mapendo yavuze ukwihanaka umwana w'Imana bibatari mu majambo gusa ariko bibonekerea no muvyo abantu bakora mu buzima yongerako ubuhanuzi bwiza bujana n'ijambo ry'Imana.



Isanamu ya gatatu : Abantu bikoreye ububati

Iyi foto yayivuzeko ibintu vyinshi. Ngo yabonye abantu bari mw'ishengero bikoreye ububati bariko bararirimba, basenga. Ngo Yumva ijwi ry'Imana rimubwira ngo urazi akamaro k'akabati? Ngo akabati ni ako kubika ibintu. Ngo nabo bantu yabonye mw'ishengero ngo iyo Inmana ibaravye imitima yabo ni ububati. Ngo bene abo ntabwo babarira abandi. Ngo umwana w'Imana ntashobora gokura ubugeni m'umugeni yikoreye akabati. Umugeni yikoreye akabai ngo ni umugeni atababarira abandi. Matayo 6,15-16 ni ryo jambo ngo yahawe rishigikira ivyo yabonye havuga ngo ariko ni mutababarira abantu na so nawe ntazobababrira ivyaha vyanyu. Yongeyeko Matayo 18,22 havuga incuro umuntu yobabarira uwumugiriye nabi : 70 incuro indwi ngo bivuga umwanya wose.

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie yatanze igishingantahe ko Imana yari yaramubujije ko igikorwa imuyumyemwo atazokwigera aha indaro atayibajije. ngo haza umuwana w'impfuvyi nawe n'ibishobosho vy'umukozi w'Imana amushira munzu atabajije na kimwe Imana. Yasanze yahaye indaro intumwa ya satani kugirango igikorwa yahawe kiburizwemwo. Mu myaka icumi yabaye muri iyo nzu yararondeye kumwica kenshi bikanka. Ngo Imana yirabira hirya mu magorwa Mapendo yarimwo kuko uwo mukobwa yirarira i kuzimu. Ninawe ngo yatumye Mapendo akorora inda 12 . Iya nyuma yagiye gukoroka ariko ariko aravuga ubutumwa mw'ishengero maze yiruka mu kazu kasugumwe ikorokerayo yari imaze amaze ameze atatu. Bimutera umubabaro mwinshi kuko ico gihe cose ivyo vyaba yabandanya avuga ubutumwa, asengera abantu bakabohoka nawa mukobwa akora ibintu vyigitangaza mu nzu , yitaho ivyo munzu akabitunganya ku butyo yumva amukunda cane kandi nawe yerekana ko akunda cane abantu bo muri urwo rugo.
Mapendo ati : '' Imana yacu ntimenyerwa. imana yacu irikwije , ntamuhanuze ifitse, ikubwiye ku gendera muri A ni A igutegetse kugendera muri B ni B''.

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie ananijwe yatanguye amasengesho y'imisi 7 maze ngo ku musi ugira gatatu noho Imana yamwishura imwibutsa ivyo bari barasezeranye ko atamuntu azoha indaro atayibajije. Mapendo yavuze ko uyo mukobwa ntagasembwa yamubonako kuburyo n'uwari kumuhanura ngo amwirukane atavyo yari kugira. Ngo no muru shengero yigenza neza cane agakoropa, ibintu akabishira ku murongo bakamukunda cane ku rushengero.

Umusi ugira kane yasubiye kubaza Imana ukuntu yaretse ibintu nkivyo bikamushikira kandi ari mugikorwa cayo. Aho mwijoro hageze yasanze abantu bose basinziriye maze asanga wa mukobwa wenyene muri saro maze arataura icari cara muzanye. Ngo yaraemeje ko ari umurozi kandi aja i kuzimu kuva kera yabitanguye ari umwana mutoya w'imyaka itanu arungitswe n'abamwe mu muryango wiwe. Ngo yaramuhishutse yari afise intumbero yo ku mwica kuko cari igikorwa yahawe na se yaguma amukoresha kandi yarapfuye kuko ngo naho yarakiri muzima niwe yamutuma kuroga utwana dutoya tugapfa tutagwaye.



Wa mukobwa w'umurozi abaza Mapendo ati none urambabarira.

Ngo kubera yari yemeranije n'Imana ko niyamenya imvo z'ibiriko biramushikira aza gutanga ikigongwe yaciye abarira wa mukobwa ko amugiriye ikigongwe. Ariko ngo yatanze imbabazi ku munwa kuko ngo yaguma ababazwa na za nda 12 zakoroka. Ngo uyo mukobwa ntiyarya inyama avuga ko inyama ari ukuzirekera mama wiwe akunda cane nawe yari Mapendo. Imana imutegeka kujana wa mukobwa iwabo amwuriza indege ariha itike riva mu bubirigi gushika mu Burundi amushikana mu Rumonge aho yavuka. Noneho igihe kimwe Mapendo yari yatumiwe mu kganiro kuri tereviziyo maze aca aja kugura impuzu yobaza ko yoserukamwo imbere y'abantu akaberwa. Imana yaciye imutegeka kuzishira wa mukobwa kugira yerekane ko yamubabariye vy'ukuri. Za mpuzu yaciye azshira wa mukobwa mu Rumonge azi mushikaniye wa mukobwa ngo yaciye umubwira ko ariho acemera ko yamubabariye.

Ifoto ya kane : Ibiti bitariko imbuto

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie ngo yabonye ibiti vyinshi muri harimwo ibiriko imbto maze haza umuyaga urazitwara. Imana ngo iramubwira ngo ivyo biti bitagira imbuto ubona ni abantu mu mashenegero birigwa barasenga ariko ngo Imana igiye kubaraba isanga batagira imbuto za muti mweranda. Garatiya 5,22 nico gisomwa yahawe gisigura ivyo yabonye.Mapendo ati:''Nimba warakijijwe niwemere kugenzwa na mpwemu yera'.

Ifota ya gatanu : Abantu batagira ibiganza

Ngo ijwi ry'Imana ryamubwiye ko abantu bararonka ibintu vyinshi Imana ibibaronkeje ariko ntibatanga ishimwe. Ngo Imana ibaravye basa n'ibimuga. Ngo ntibatanga amaturo ngo niyo bayatanze batanga imicaca. Ikigira cumi coco baracibagiye. Mapendo ati :'' Ica cumi ni itegeko ry'Imana''. Ngo icacumi cirukana umudayimoni w'inyatsi.
Ifoto ya gatandatu :

Ifoto ya gatandtu : Abantu baboshe

Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie ngo yaratangaye cane kubona abantu babohesheje imigozi itandukanye y'amabara menshi mugabo bakaguma bidegevya. Ngo yabona batamba murushengero, bakora ibikorwa vy'Imana ukuri kwamye. Ngo baratuye ivyaha vyabo kandi basa nabagira ku mabwirizwa ariko ngo baraboshwe n'ivyaha.


Umuvugabutumwa Mapendo Anna Marie ni umurundikazi aba mu gihugu c'Ububirigi.Aramaze kuvuga ubutumwa mu bihugu bitandukanye kw'isi.







No comments: