'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Monday, June 26, 2023

Gihosha : Abenegihugu barashimira inyamiramabi

Gihosha:  Abenegihugu  barashimira inyamiramabi  

Mu gitondo co  kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Ruheshi, igiporisi co kuri komine Ntahangwa cazindutse gihagarika Ngirimana Victor yitazira Lieutenant Général wo muri karitiye Nyabagere, zone Gihosha. Uwiyita kandi Shehe yagirizwa kuba yaranse kwitaba umutahe w'inyamiramabi zo kuri zone Gihosha inyuma yo kwitwarigwa  ko yahohoteye umuyabaga Niyongabo Ernest w'imyaka 23 aturuka mu ntra ya Ngozi akaba yaba  mu gacimbiri ka mbere, karitiye Nyabagere, muri zone Gihosha.  

Abenegihugu barashimira inyamiramabi kuri ico gikorwa bakoranye cane cane n'abagize umugwi wa whats App Abarihunjahunje basanzwe ari abanwanyi ba koperative Abarihunjahunje. iNyamiramabi yakiriye idosiye ya Ngiriminama Vivtor yabariye abaraho ko ifise amakuru menshi ku nyifato itabereye iri muri karatiye Nyabagere niko uca ishira mu gasho Ngirimana Victor yitazira Lieutenant Général maze yandikira amakete abiri abariko bakurikirana ubuzima bwa Niyongabo Ernest. Rimwe ryandikiwe umuganga yamupimye arindi rirungikirwa umuryango wiwe.

Mu gihe umuporisai yariko aramujana kuri zone Gihosha Ngirimana Viator yitazira Lieutenant Général  yabariye bamwe mu bari baherekeje uyo mu porisi ati : '' Mu gasubira kumvuruga amasasu aravuga''. Nabo bamubaza ko yoba ayafise arinumira. Muri ico icegera c'uwurongoye umugambwe CNDD-FDD ari no mubari bashigikiye ko Viator afatwa yariko arasaba ngo bamurindire bajane kuri zone. 

Niyongabo Ernest inyuma yo gubitwa buyoka na Ngirimana Victor  yaruhiye gusara. Ku wa  wa mbere w'indwi irangiye igebekerezo rya 19  bamufatiye kw'isoko batazira Kotebu ari gusa. Ico gihe abenegihugu basaba ko nyene guhohotera uwo muyabaga yohanwa hisunzwe amategeko. Ivyo basaba siko vyagenze kuko nyene gusinzikaza ubuzima yari yagaumye yidegemvya kuko ngo hari bamwe mu ndongozi zari zimushigikiye.

Umuryango ngo warituye inyamiramabi ariko hari abarongozi bakingira ikibaba uyo Victor kuko nawe asanzwe ari mu barongoye urwaruka rwegukira umwe mu migambwe.  Ernest yaciye ajanwa kuvurigwa mu bitaro bimwe mu mashimi y'ivuriro Kwa Legentil no mu bitaro vy'i Mutaho mu ntara ya Gitega.

Nkuko bivugwa na Nsengiyumva Gaston inyanduruko ni 30.000fbu yaratanzwe na nyene gukubita ayahaye nyene gukubitwa ku musenyi akuye aho Errnest yararira. Bamaze kuyasangira bayagura icupa  Victor yaciye ahamagara nyene uwo musenyi. 

Indongozi muri gacimbiri ka mbere zifatanikanije n'uwurongoye karitiye Nyabagere nibizi Didace bahavuye bajana kwa muganga Ernest bituma Victor ariha  ibihumbi 120.000fbu. Ndamuhamagaye kuri terefone Didace yambariye ko ivyo bintu abizi kandi ko basavye nyene gukubita Ernest kuriha ayo mafaranga kandi atazi neza ivya kurikiye kuko ngo yarazi ko vyarangiye.  Ariko iyi ndongozi ntiyemeye ko uko guta impuzu kwa Ernest kwandurutse ku mahiri hakubiswe. Abenegihugu baho muri Aseko bavuga ko uyo Ngirimana Victor yitazira Lieutenant Général yamaze kuba kabananiye. Umwe muri bo atasahatse kwivuga izina yavuze ati : '' Shehe yaramaze kubaka izina muri sisiteme, ntawoba akimushobora''. Nawe yahavuye avyerekana ko dasanzwe kuko bwakeye atangura gutera ubwoba bashiki ba Victor hamwe n'ababanyi bose bagize ico bashikirije kuvyo yari yakoze. Ngo yoba yarakoranye n'amanama bihishije hamwe n'abamwe mu ndongozi zo muri karitiye Nyabagere. 

Ntacahindtse kuko ngo ivyo vyoguta impuzu vyandurutse kuri ayo mahiri yakubiswe nkuko bivugwa n'ababanyi biwe. Umwe mu barongora amasengesho Niyongabo Ernest yahora yitaba avugako uyo muhungu yahora akomeye mbere akaremesha amasengesho mu bandi. Agira ati : '' Bishitse inyamiramabi zigatumako abavyemeza, ni ukuri jewe noja kumuvugira kuko ndamuzi cane kuva imyaka. N'abagwaye nsengera baramuzi, baramubonye yabaye uko baratinya baragira n'ubwoba''.

Umunwanyi wa koperative Abarihunjahunje yarasanzwe amazi yongerako ubwo bumuga bwo mu mutwe bwandurutse ku makofe yamukubise mu rwumviro kuko ngo abariho bose barabivuga. Agira ati :''Umutwe awucomeka mu maguru hama inkoni zose bamukubitishije hari aho zibikwa''. Uwo yarihunjahunje yanasavye inyamiramabi ifise iyo dosiye mu minwe ko yoshika muri karitiye bakamwereka aho inkoni zo gukubita abantu zabikwa.

Inyuma y'aho vyanse ko inyamiramabi zimuhagarika naho umuryango wari witwaye, Ngirimana Viator batazira Shehe nawe akiyita Lieutenant Général Ngirimana Viator yahavuye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruheshi  ava mu gusagara ca Bujumbura akoresheje imodoka yerekeza muri Komine Giheta aho avuka. Abenegihugu bataye agashavu kuri bamwe mu ndongozi zamukingiye ikibaba. Yahavuye agaruka niko guca afatwa mu gitondo co kuri uyu wa mbere.



No comments: