'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, November 17, 2022

Kayanza : Ngo ipfungwa ry’umupasitori murimyi- mworozi Karori ni agahombo ku gihugu

Kayanza : Ngo ipfungwa ry’umupasitori murimyi-mworozi Karori ni agahombo ku gihugu


Mu gihe iminsi mirongo ine yaraye irumanye umu pastori murimyi-mworozi Karori Mbonankira apfungiye mw'ibohero rya ngozi abo basabgiye ibikorwa muri koperative 
S.P.S.B bavuga ko ipfungwa ry'uwo mu nyakayanza ari agahombo ku gihugu kuko ngo yarafashije imiryango itari mike yo mu ntara za Kayanza na Ngozi. Umukenyezi wo ku mutumba Nyanza ati : ''Twarumvise ngo yoba azira ko azi abashaka kugandagura uwitwa Visenti, Karori yica inzara nta bantu yica . Imyaka tubanye , adukoresha, utugurana, atwigisha kwiteza imbere ntanumwe twabonye bavugana nabi''.


Kuri iryo pfungwa bamwe mu banyakayaza baba ku murwa mukuru w'intara bahuriza hamwe n'abo i Ngozi mu kuvuga ko yagiriwe irementanya bakizera ko mu misi mike azotaha mu muryango maze asubize ku rutonde ibintu biriko bironekara haba mu mirima canke mu rugo.

Nkuko bivugwa na bamwe mu benegihugu amajana abiri bakorana ibikorwa bitandukanye mu gutunganya itongo yari yatijwe na Reta y'Uburundi mu 2014 ringana na hegitari 55 ariko rikaba ryagiye riragabanurwa n"amasezerano atararangira, Karori Mbonankira yari yagize amazerano n'ubushikiranganji bw"uburimyi gutunganya muvyo uburimyi itongo ringana na hegitari 55. 

Amasezerano amaze imyaka itatu uwurongoye uburimyi mu ntara aca akurako ihegitari 10 aca aziha amakoperative 7 ngo babandanye bahakorera . Kubera ivyo bikorwa bavuga ko vyabaye mu kajagari Karori Mbonankira yahahombeye imiriyoni 70 z’amahera y’amarundi. Amasezerano agiye guhera baca barahamwaka burundu mugabo biguma muri zuguruzugura mu 2020 gushika igenerekerezo rya 9 Gitugutu aho baca bamuha ayandi masezerano y’imyaka itanu kandi ku rundi ruhande bahahaye uwundi muntu yari kuharima imyaka 45. Ubu ayo masezerano nayo nyene bakaba barayamwatse kandi ikiringo kitarahera nkuko bivugwa n’abamwe bo ku mutumba Nyanza, zone Mugomere ,Komine n’intara ya Ngozi bamwe mu bantu 200 basanzwe barangurana imirimo n’uyo murimyi mworozi.

Umwe mu bakenyezi bo kuri uyo mutumba ati : ‘’ Itongo ryari ryahawe koperative S.P.S.B ariko ikete rihagarika ibikorwa bandikiye Karori Mbonankira’’.

Bucumi Tito, icegera ca Mbonankira Karori asanzwe arongoye koperative ijejwe kurondera imbuto, kurima n’ukworora mu ntara za Ngozi na Kayanza avuga ko Karori apfungiwe ubusa. Ati ''Mbonankira Karori ntakimupfunze kuko abamupfunze baba bafise dosiye imwagiriza . Asaba umukuru w’igihugu gukoresha ububasha afise kugira Karori ave mw’ibohero kuko ngo  ntategeko na rimwe ryakurikijwe"".

Bucumi Tito abandanaya avuga ko bamusitanteri b’amakomine Ngozi na Ruhoro hamwe n’umushingamateka hamwe n"abandi bategetsi bamwe bo mu ntara ya Ngozi aribo bariko bararima iryo tongo mu gihe abagize iyo koperative  bari bafashe amadeni arenga imiriyoni 200  y’ingurane kugira ngo baharangurire iyindi migambi ijanye n"uburimyi. Amasezerano bari baragiraniye n’ubushikiranganji bw’uburimyi yavuga ko mu gihe ubwo bushikiranganji bwoshaka gukorera muri iryo tongo bwari kubanza kubaha ikiringo c’umwaka kugirango ntihagire ivyononekara ariko ngo  umushikiranganji Deo Guide Rurema mw’ikete yandikiye Karori yamusavye  guhagarika ubwonyene ibikorwa. 

Umurimyi-mworozi Karori Mbonankira yafashwe ubigira kabira kw"igenekerezo rya 6 Gitugutu aca ajanwa gupfungirwa mw'ibohero rya Ngozi. Aho ni mu gihe yaraherutse kurekugwa kw'ibohero rya Mpimba i Bujumbura. Aho hose bika vyaravuwze ko yabazwa ibijanye n'uwitwa Visenti Ndagijimana.

No comments: