'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Tuesday, November 8, 2022

Hatungimana asaba kutaburabuzwa no gukurwako iceyi c'uburozi

 


#Ubutungane Hari umuryango w'umupfazi Hatungimana Anastasie uba muri zone Kamenge , Karitiye Mirango ya kabiri , serire Gitahana iruhande y'ikambi y'igiporisi bita Sokariti uvuga ko uriko uraturatuzwa mu kunyagwa itongo wasigaranywe n'uwundi muryango kandi ugirwako iterabwoba n'ukwagirizwa uburozi n'umushingwamanza Elie Ndagijimana.

Nkuko bishikirizwa n'umukobwa w'uyo mupfakazi akaba nawe aharereye abana ngo uyo Ndagijimana Elie amaze kubarandurira ibiterwa incuro zibiri. Ubwa mbere ngo hari igenekerezo rya mbere Gitugutu uyu mwaka aho yaranduye imyumbati, amateke, ibijumbu n'ibigori. Ngo baciye basubira gutera nawe agaruka kubirandura igenekerezo rya 18 Gitugutu. Kuri iyo ncuro igira kabira yarahatswe gukomeretsa umukozi yasanze muri iyo mirima. Nkundwanabake Esperance ni uyo mukozi avugana ubwoba ivyamushikiye uyo musi maze agasaba gukingirwa umutekano kuko Ndagijimana aho yamusanga mu murima yamubariye ko azo mukerera canke amurase, mu kugenda naho ngo yamuraganiye ko bazohigura. Agirako asaba n'indishi y'akababaro ku vyo yaramaze gutera bikarandurwa abantu babona n'umuntu ngo batazi iyo aturuka.

Ahagaze mu murima wiwe, Hatungimana Anastasie arataka atakambira abarongoye intwaro ngo bamukize uyo mushingwanmanza kuko amuhora ko ari inyakamwe kandi ageze muzabukuru atagishobora kuja iyo umuburanya ashobora gushika. Elie yagiriza Anastasie kuba ari umurozi ubwo nabwo ngo ntabwo arakubita ijisho kuva abayeho. Asaba kutaburabuzwa mutwo ariko arakora no gukurwako iceyi c'uburozi yambitswe n'umuburanya yita ''icaduka''.
Nduwimana Esperance avuga ko uyo mushingwamanza Elie Ndagijimana akiza yavuga ko aje kurondera itongo yogura ariko bamubarira ko yoronderera ahandi kuko iryobariko bararimamwo bariragijwe n'umuryango w'abantu bagiye kwisumamwo mu mahanga. Ntivyatevye ngo yaciye avuga ko afise impapuro zemeza ko uyu muryango wamutumye gukurikirana iryo tongo. Imanza ziba ziratanguye ariko aratsindwa muri sentare. Niko gusaba amafaranga umuriyoni y'amarundi umuryango wa Anastasie kugirango abafashe gusinya maze iryo tongo ribegukire burundu nabo baramurahira . Iterabwoba rica riba riratanguye . Mu nyuma ngo yahavuye azana abantu bo muri OBUHA gupima ariko ngo naho nyene ntacavuyemwo kuko basanze ataho umuryango wa Anastasie woba wararengeye abandi canke ngo wihagire iryo tongo wasigaranywe. Elie yahavuye asubira kwitura sentare kandi ariko bene kuburanywa bitavye agaca asiba.

No comments: