Bujumbura , Igenekerezo rya 30 Gitugutu,Gako News, Blog Imiriyaride zirenga 54 ntawuzi irengero ryazo
Hari mu mpera z'ukwezi kwa Gitugutu umwaka w'2021 aho Umukuru w'igihugu yagendera ahariko harubakwa urugomero ku ruzi Kajeke muri Komine Bubanza mu ntara ya Bujumbura. Yaratangajwe n'ukuntu ibikorwa bitarangiye kandi uburyo bwarasohotse. Niko guca ategeka umushikiranganji yari ajajwe amazi, ubutare, agataka n'amasoko ntanganguvu gutanga icegeranyo cerekana uruhara rw'umwe umwe wese yoba yaranyuruje ayo mafaranga yaragenewe kubaka urwo rugomero. Kuva ico gihe nta makuru yasubiye kuja ahabona avuga igaruzwa ry'iryo tunga rusangi nabene gushaka kurinyuruza.

No comments:
Post a Comment