'''' '' '#" Burundi : Une femme à la tête du ministère de la défense, un autochtone dirige le ministère de la justice ''.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Thursday, October 30, 2025

Imiriyaride zirenga 54 ntawuzi irengero ryazo

Bujumbura , Igenekerezo rya 30 Gitugutu,Gako News, Blog Imiriyaride zirenga 54 ntawuzi irengero ryazo


Haraciye imyaka 4 Umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye ahaye   ikiringo c'amayinga abiri  umushikiranganji w'amazi, ubutare, agataka n'amasoko ntanganguvu w'ico gihe Ibrahim Uwizeye  co kuba yerekanye uruhara rw'umwe umwe mu bakoresheje ibikorwa vyo kubaka urugomero rwa Kajeke  vyatumye  agahombo kangana n'imiriyaride 54 z'amafaranga y'amarundi zigenda  amazimayongo.

Hari mu mpera z'ukwezi kwa Gitugutu umwaka w'2021 aho Umukuru w'igihugu yagendera ahariko harubakwa urugomero  ku ruzi Kajeke muri Komine Bubanza mu ntara ya Bujumbura. Yaratangajwe n'ukuntu ibikorwa bitarangiye kandi uburyo bwarasohotse. Niko guca ategeka umushikiranganji yari ajajwe amazi, ubutare, agataka n'amasoko ntanganguvu gutanga icegeranyo cerekana uruhara rw'umwe umwe wese yoba yaranyuruje ayo mafaranga yaragenewe kubaka urwo rugomero. Kuva ico gihe nta makuru yasubiye kuja ahabona avuga igaruzwa ry'iryo tunga rusangi nabene gushaka kurinyuruza.

No comments: