Abenegihugu amajana basaba gutunganirizwa
Bujumbura, igenekerezo rya 20 Myandagaro, Gako News (Blog) Dushaka kwibonanira n'umuvyeyi wacu . Mutuburiza iki ?
''Dushaka kwibonanira n'umuvyeyi wacu. Mutuburiza iki ''? Aya ni amwe mu majambo abari baje kwitura umushikiranganji w'ubutungane, agateka ka zina muntu n'iterambere ridakumira mu gihe abaporisi bariko barabigiza inyuma kubera ubwinshi bwabo.
Bivuye ku mutumiro w'umushikiranganji w'ubutungane,agateka ka zina muntu n'iterambere ridakumira Arthémon Katihabwa wo kwakira abenegihugu buri ku wakabiri, kuri uyu wa 19 Myandagaro abantu babarizwa mu majana bazindukiye ku biro vy'uwo umushikiranganji biri ahahoze hari ibiro vy'umukuru w'igihugu.
Muri abo umusangwabutaka Twapfiki Ephraim aturuka i Mugina (Cibitoke) yari yari yaraye imbere ya paraki nkuru y'igihugu akaba yahakuwe n'umumenyeshamakuru amushikana ku biro vy'umushikiranganji.
Twapfiki akaba yateye ikigongwe umushikiranganji Arthemon Katihabwa kuko yarafise ivyo yarayeko mu kagunira hamwe n'ipapuro vyinshi yakuye mu nzego zitandukanye. Arthémon acinjiye yaciye ahagara ahari Twapfiki maze asoma zimwe muri izo mpapuro maze asaba uyo mu menyeshamakuru, Barinzigo Julien asanzwe ari umunyamabanga lw'ishirahamwe Fount of Education International -FEDU Burundi risanzwe rifasha mw'iterambere ry'abasangwabutaka mu Burundi gufasha uyo umusangwabutaka kwandika neza ivyo asaba.
Kuva aho habereye indinganizo nshasha y'ubushikiranganji,ibisata vyahora bigize ubushikiranganji bwakuweho vyaciye vyegukira ubundi bushikiranganji. Akarorero ni igisata c'agateka kazina muntu n'iterambere ridakumira vyaciye vyegukira ubushikiranganji bw'ubutungane. Nico gituma nk'ubwo bushikiranganji buronka ababwitura b'umurengera na nyarirya n'ibibazo vy'amatongo vyonyene vyahora bituma abantu bitura ubwo bushikiranganji.
#Burundi
No comments:
Post a Comment