'''' '' '#" Ndongozi,ni mubanze mwikuremwo ivyo vy'ugusehera inda zanyu''- Perezida Varisito Ndayishimiye.

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Saturday, April 5, 2025

Patrick yaraye agandaguwe n'umugore wiwe

 Patrick yaraye agandaguwe n'umugore wiwe

Bujumbura, igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2025 ,GakoNews -Blog Patrick yishwe n'umugore wiwe akoresheje ibuye yamuteye mu mutwe



Muri iri joro ryakeye ryo wa 4 Ndamukiza 2025 muri karitiye Nyabagere, zone Gihosha, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, umugabo yitwa N. Patrick akomoka mu ntara ya Muramvya yaraye agandaguriwe iruhande y'imuhira iwe n'umugore wiwe akoresheje ibuye yamuteye mu mutwe.

Ikiziga ca Patrick, iruhande y'ubunwero Amazon, Q. Nyabagere, igen. rya 5 Ndamukiza, isanam ya Barinzigo Julien 

Nkuko bivugwa n'uyo mugore ngo Patrick yatashe atevye azananye n'uwundi mugabo kandi bahaze urukanywa. Bugingo uno mugore abahaye ibifungurwa Patrick yategetse umugore wiwe guherekeza uwo mugabo bari bazananye. Wa mugiore arabihakana maze intureka iba iradutse.Ngo mu kwivuna yamuteye ibuye rimugema mu mutwe aca aracikana.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu gushika isaha zibiri ikiziga cari kigifukiye mw'ibarabara aho ku matafari ku gasoko ka kabiri aho abajejwe umutekano barikumwe na OPJ baciye babanza kujana uyo mugore hamwe n'utwana tubiri yarafise.

Ababanyi b'uyo muryango begereye ku kabare Amazon bavugako abo bantu bahora bakunda gushwana cane no kugwana bikajamwo.

Bamwe bakavugako Patrick yaje kuruhama kuko yingiriye uwo mugore yarasznzwe ari umupfakazi yahora akora akazi ko munzu.

Voir les statistiques et les publicités
J’aime
Commenter
Partager

No comments: