Urunani '' Burundi bwa bose'' ruhejeje kuvuka
Bujumbura , igenekerezo rya 13 Kigarama,2024 , Gako News -Blog Urunani '' Burundi bwa bose'' rugizwe n'imigambwe FRODEBU, FDES, CNDD na CODEBU ruhejeje kuvuka kutri juyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Kigarama, 2024.
Barongowe n'umukuru w'umugambwe FRODEBU, Inziraguhemuka Patric Nkurunziza asanzwe ariwe arongoye urwo runani , abaserukira iyo migambwe isanzwe ivuga ko ihurikiye mu migambwe ''itavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD'', bahagaze muri imwe mu nyubakwa z'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati kandi bahejeje gushikiriza umushikiranganji w'intwaro yo hagati, umutekanao n'iterambere ibisabwa kugira urunani rw'imigambwe rwemerwe nkuko bivugwa na Kefa Nibizi , umuvugizi w'urwo runani akaba anarongoye umu gambwe CODEBU.
Urwandiko rwateweko igikumu na Patric Nkurunziza kuri uyu musi nyene ruvugako urwo runani ruhuza imigambwe yo mu Burundi itavuga rumwe n'ubutegetsi ikaba ishaka '' gufasha abarundi kumwe no gushikana igihugu kuri kazoza keza.
Nkurunziza agira ati ; '' Mu gihe ivya poritike n'imibano bitameze neza birangwa n'ingorane nyishi mu gihugu cacu twafashe ingingo yo kuja hamwe kugira duharnire inyungu z'abarundi, duteze imbere intwaro rusangi, Reta yubahirize amategeko no gukora kugirango dutegure kazoza keza , ko gukorera hamwe no guteza imbere igihugu cacu''.
Amahangiro atanu niyo urwo runani rwihaye ;
1. Gukomeza Reta yubahiriza amategeko no gushiraho ubutungane burama kuri bose,2. Guteza imbere gusubiza hamwe mu gihugu, amahoro n'ubumwe hakurijwe ukubahana mu butandukane bw'abantu,3. Gushiraho impinduka za poritike n'izo ubutunzi kugira habe itunganywa neza ry'igihugu no kugirango abanyagihugu bashimishwe mu vyo bakenera nyamukuru,4. Gutuma haba amatora yo mu mwidegemvyo kandi aciye mu muco, mu gutuma haba icuka ca poritike aho uburenganziza bungana ku migambwe yose
5. Kurwanaya ubukene no gutuma ahaba iterambere rirama kandi ku barundi bose.
Patric Nkurunziza anavugako naho iyo migambwe itaciye muri bimwe kandi ikanagira n'imbono zitandukanye yashize ku ruhande ivyo itabona kumwe ku gira ishire inguvu hamwe mu ntumbero yo guteza imbere intwaro ishimikiye ku ntwaro rusangi , ihurikiyemwo bose kandi ikorera mu muco.
Twobibutsa ko uyu Patric Nkurunziza aherutse kubonanira mu gihugu ca Kenya na Dr Minani Jean yahoze ari umwe mu ndongozi zikomeye z'umugambwe Sahwanya Frodebu hanyuma ashinga Sahwanya Frodebu Iragi rya Ndadaye imbere yo gukura meza agahungira mu mahanga.
No comments:
Post a Comment