Ngo guhiganwa n'uwo wigishije ni iteka
Bujumbura, igenekerezo ry 24 Gitugutu, Gako News- Blog ''Naratiwe haraciye imyaka 45 . Hari ibintu ntashobora gukora : kwiba. Uwonzomenya yo yabikoze nzomwiyamiriza.’' Ayo ni amajambo ya Kobako Gaspard arongoye umugambwe AND- intadohoka asanzwe ari umwe mu bahiganigwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora ya 2027. Aho yarashitse imbere ya Bibliothèque ya Campus Kamenge yemeje ko gusoma bitanga ubumenyi. Hari Kuro wagatanu igenekerezo rya 24 Gitugutu aho yibukije abanyeshure bariko baramuramutsa ko ababazwa cane n' abanyonora itunga rusangi. Yatanze akarorero k'abanyuruje amahera ibihumbi 800 vy'amadorari yaragebewe kubaka ikiraro cohuje #Gasekebuye n'umutumba #Rweza.
Yishura ku kibazo yarabajijwe ko azohiganwa n'uwo yigishije asanzwe ari umukuru w'igihugu ,Perezida Varisito Ndayishimiye , n'akamwemwe yavuze ati:''Ni iteka''.








0 Comments:
Post a Comment