Saturday, March 26, 2022

Umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye ariko aragendera ikibanza ceranda Vatikano

Umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye ariko aragendera ikibanza ceranda Vaticano mu rugendo rw'akazi rw'imisi itatu. Kuva kuri uyu wa kane ku muhingamo umukuru w'igihugu varisito Ndayishimiye arikumwe n'umutambukanyi wiwe Angelina Ndayishimiye barafashe indege berekeza ikibanza ceranda Vatikano, i Roma. Nkuko vyashikirijwe n'ibiro bijejwe gutumatumanako amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu,Perzida variusito Ndayishimiye yitavye ubumire bw'umwere wa Ekereziya gatorika,Papa Fransisiko aho n'inyuma yo kumurungikira ubutumwa bw'umuhezagir. Uyu mukuru w'igihugu asanzwe ari umkatirika yiyegurika umuvyeyi Bikira Mariya ku buryo yahisemwo kubaka agasengero ku buryo bwiwe. Abatari bake baribuka amajambo yashikirije hariya i Mugera.

0 Comments: