Abantu 13 bitavye Imana
Bujumbura, igenekerezo rya mbere Ndamukiza,2026 , Gako News Blog Abantu 14 bitavye Imana, 57 barakomereka , amazu arasambuka, imiduga irononekara biturutse ku mpanuka y'umuriro yadutse ahabitswe ibikorwa vya gisirikare biri ku Musaga.
Abantu 13 nibo bapfuye abandi 57 birakomereka, inyubakwa za gisirikare zirasha ziratokombera, imiduga irononekara mu ma karitiye atandukanye y'igisagara ça Bujumbura biturutse ku mpanuka y'umuriro yadutse ahabitswe ibikorwa vya gisirikare kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 31 Ntwarante, 2026 .
Ivyo bivuzwe na Gaspard Baratuza avugira igirikare c'Uburundi mu kiganiro n'abamenyeshamaku kibereye mu biro bikuru vya gisirikare kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya mbere Ndamukiza, 2026.
Ico kiganiro kibaye mu gihe havyuzwe vyinshi kuri iryo sanganya abanyagisagara bakabura amakuru yo kwemera nanyarirya ryari risanzwe ari igenekerezo rya mbere Ndamukiza umusi usa n'uko wagenewe #kubesha( Poisson d'Avril)








0 Comments:
Post a Comment