Burundi : Pénurie d'eau, une affaire de manque de responsabilité

des jeunes s'insurgent contre la pénurie d'eau au Burundi, un pays de milles sources d'eau potable

Burundi : Le Gouvernement se laisse pillé

Le Fonction publique débloque un salaire des hauts cadres.

Burundi : DIY et PIN appellent pour la ratification de la Convention de Malabo

Si le Burundi ne signe et ne ratifie pas la ''Convention de Malabo''.

Burundi : Marché central, un clair-obscur vieux de 13 ans

l'un des plus angoissants parmi une légion d'incendies, un mystère à plusieurs hypothèses

Burundi : Katihabwa n'est plus Ministre Bujumbura

Mr Arthemon Katihabwa, un deux ministres remerciés par le Président Evariste Ndayishimiye

Wednesday, March 12, 2025

Uburundi busezere uruhagarara bwamyemwo

Uburundi busezere uruhagarara bwamyemwo

Bujumbura, igenekerezo rya 12 Ntwarante, 2025, Gako News -Blog Urunani Burundi bwa bose rubona ko ugukomeza inzego z'umutekano no kwivuna abansi, ugutsimbataza umubano hagati y'abarundi mu butandukane bwabo no kugiriranira imigenderanire myiza hagati y'Uburundi n'ibindi bihugu arizo nkingi zitatu zotuma Uburundi busezerera uruhagarara rwikurikiranya bwamyemwo kuva bwikukira.

Kefa Nibizi, igenekerezo rya 12 Ntwarante, 2025,Maison de la Presse
isamu ya Barinzigo Julien.
Kuri uyu wa gatatu igekerezo rya 12 Ntwarante , urunani Burundi bwa bose mu kiganiro rwagiranye n’abamenyeshamakuru rwashize ahabona urupapuro rw'inzira rugize n’inkingi zitatu rwekena ingene abarundi bashobora gutsimbataza amahoro n'umutekano birama gutyo bagasezerera uruhagarara rwikurikiranya bamyemwo kuva Uburundi bwikukira.

Kubwa Kefa Nibizi, umuvugizi w’urwo runani akaba n’umukuru w’umugambwe CODEBU, igihugu c'Uburundi cama mu ruhagarara rwikurikiranya kuva cikukira ruva ku ngorane ziri hagati mu gihugu rimwe na rimwe bikunyurwa n'ibibazo biba mu karere. Aratanga uturorero nko mu mwaka 2015 aho hadutse uruhagarara rwasubije inyuma igihugu mu vyo imibano n'ubutunzi, abantu bakicwa abandi bagahunga, ibintu bikononekara, umugera w'amacakubiri wasa n'uwaryamye urasubira uranaguka, ibi menyeshamakuru bimwe birugagwa, ibindi biraturirwa. Urwo ruhagarara rwasubiye kuzana igihengeri gikomeye hagati y'abarundi mu vyerekeye imibano bishobora kuzozana ingorane zikomeye muri kazoza k’igihugu. 

Inyuma y'imyaka cumi gusa abarundi bavuye muri urwo ruhagarara, abarundi bahagaritswe umutima n'intambara ziriko zibera muri kano karere aho abategetsi bemeza ko zishobora gutandukira Uburundi, mbere ko harimwo n'abamwe mu bahungiye mu Rwanda mu 2015. Intambara iriko irabera mu gihugu ca Congo yasubiye kunagura cane umugera w'amacakubiri mu barundi bamwe bamwe.

Mu guhagarika iryo garukagaruka ry'uruhagara, Urunani Burundi bwa bose rushikiriza urupapuro rw’inzira rugizwe n’inkingi zitatu.

  Gukomeza inzego z'umutekano no kwivuna abansi


Ngo ishingano y'ubutegetsi bwose ni ugukingira umutekano w'abanyagihugu n'ubutunzi bwabo hamwe n'abasanzwe baba muri ico gihugu. Kugirango hakomezwe umutekano hokarihirizwa ubwenge inzego z'umutekano n'izo kwivuna abansi no kubaha ibikoresho bikwiye kandi bigezweho, kwirinda ko habaho abajejwe umutekano no kwivuna abansi bagira umugambwe n'umwe bashigikira canke begamirako kuko iyo bishitse bisubiza inyuma demokarasi, bikicaintwzro ibereye mbere kenshi vyama bihera igihugu kigiye mu ntambara.  Kefa ati : ''Iyo ngendo imaze kuduhekura muri kahise duterezwa kuyigira umuziro uzigwa''. Kwigisha urwaruka rwose atagucagura inyigisho zogukundisha igihugu amahoro n'umutekano igihugu.

 Gutsimbataza umubano mwiza hagati y'abarundi mu butandukane bwabo 


Mu rwete rw'inzira rwasomwe na Kefa Nibizi harimwo ko kuva Uburndi bwikukira bwagiye buraca mu ndyane nyishi zubakiye ku moko n'intara hahava hazamwo  amacakubiri ku vyiyumviro vya poritike. Iyo ngendo y'amacakubiri yama izana uruhagarara mu gihugu rugasiga ibikomere bikomeye mu banyagihugu. Utwigoro twagiye turakorwa twibonekeje ko tudashemeye mbere muri ino misi haribonekeza kp hari abakokeza amacakubiri  kubera inyungu zabo cane cane inyungu za poritke.  Biragoye kuronka amahoro arama mu gihugu cucarijwe n'ubukene  bivuye ku karwi gatoya k'abantu  biziziye ubutunzi bw'igihugu  ugasanga mbere ntibacitayeho ukubaho neza  mu vyerekeye ivy'ubutunzi n'imibano. Biranagora kandi  gutsimbataza amahoro arama mu gihugu kitarimwo demokarasi, kirimwo agacinyizo aho ubutegetsi butacizewe n’abanyagihugu kuko usanga burongowe n’abantu bavuye mu matora atamerwa na bose, atari mu muco kandi akumira. Kugira uwo mubano ukomezwe, Kefa Nibiza avugako honagurwa amasezerano ya Arusha hamwe n'amasezerano y'ubumwe bw'abarundi. Hagategurwa ibiganiro bidakumira vyotuma impunzi zahunze mu 2015 zihunguka habanje habanje gukurwaho intambamyi zose zibuza ko impunzi zihunguka na cane caneibihano vyafatiwe bamwe muri izo mpunzi, guhindura ahaba impunzi ziba hagatimu gihugu hzkubakwa ibigwati vy'amahoro buhurikiyemwo bose, gusubira gutunganya umurwi wo kuvugana ukuri n'ukurekuriranira kugira ube umurwi wizewe na bose hagashirwa ahabona amabi yose yagiye arakorwa, gushiraho umugambi wo kuvura ibikomere abatari bake bagiye baragira mu ntambara zahitiye, kugwanya gukumirana gufatiye ku vyiyumviro vya poritike, ku bwoko n' intara mu buzi bwa Reta kuva hasi gushika hejuru, kurandura n'imizi inyigisho z'amacakubiri mu kwigisha inyigisho z'ubumwe mu mashure nshingiro n’ayo inyuma y’ishure nshingiro.

 Kugiriranira imigenderanire myiza hagati y'Uburundi n'ibindi bihugu


Mu runani Burundi bwa bose iyi migenderanire yoshoboka mu kwirinda ibikorwa n'inyifato ivyo arivyo vyose vyotula imigenderanire n'ibindi bihugu itosekara, gushira imbere inzira y'ibiganiro  mu gutatura amatati yo kwibonekeza hagati y'igihugu , kwirinda kwivanga mu matati ari hagati y'ibihugu canke mu matati ari mu gihugu kiri mu ntambara zabonse rimwe ariko bagahimirizwa gukoresha inzira y'ibiganiro ngo batore umuti w'ingorane barimwo, gukoresha ubwitonzi mugufata aho igihugu gihagaze mu bibazo mpuzamakungu mu gushira imbere inyungu rusangi. 


                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                Julien Barinzigo

Thursday, March 6, 2025

Femme : 10 versets bibliques phares

 Femme: 10 versets bibliques phares 

Bujumbura, le 6 Mars 2025, Gako News (Blog) Certains versets bibliques mettent en lumière le rôle, la valeur et l'identité de la femme .

A deux jours de la célébration de la journée internationale dédiée aux droits des femmes, plus d'uns songent à reconnaitre la bravour de de la femme à travers différents secteurs de la vie. La  bible, outil et pont des hommes les liant à leur créateur  met en lumière le rôle, la valeur et l'identité de la femme. 

Femme comme image de Dieu

1. Genèse 1:27 « Dieu créa l'être humain à son image  homme et femme il les créa. »  Le verset decrit le fondement de l'égalité entre hommes et femmes dans leur dignité divine et presente les modèles de femmes inspirantes.

2. Proverbes 31:10-31  fait un portrait de la « femme vertueuse » qui se montre  gestionnaire avisée, protectrice des pauvres, et source de confiance pour son foyer.

3.Ruth 1:16-17« Ton peuple sera mon peuple, et ton Dieu sera mon Dieu. Ruth  s'engage  radicalement et  symbolise la fidélité intergénérationnelle.

4. Esther 4:14 « Qui sait si ce n'est pas pour un temps comme celui-ci que tu es parvenue à la royauté ? ». Esther appelle au courage providentiel  pour sauver son peuple

Femme dans le Nouveau Testament

5. Galates 3:28 « Il n'y a plus ni homme ni femme, car vous tous, vous êtes un en Christ. »Le verset evoque l' egalité spirituelle dans l'Église.

6. Luc 1:28 « Je te salue, toi à qui une grâce a été faite ; le Seigneur est avec toi. » Le rôle central de Marie dans l'incarnation est un soubassement .

7. Jean 4:7-26  decrit le dialogue entre Jésus et la Samaritaine fait reference la première missionnaire annonçant le Messie.

Enseignements sur le mariage et la conduite

8. Éphésiens 5:22-33  exhortate  l'amour sacrificiel des maris et au respect mutuel dans le couple.

9. 1 Timothée 2:9-10 « Que les femmes se parent  par de bonnes œuvres. »  Priorité donnée à la beauté intérieure.

 Protection et justice

10. Deutéronome 22:25-27  legifere le lois protégeant les femmes victimes de violences, soulignant la responsabilité collective.