'''' '' 'Tout changement commence par le changement des acteurs du changement'', dixit le Président Evariste Ndayishimiye . .

BURUNDIAN DAILY NEWS

Breaking

Showing posts with label Politique. Show all posts

Saturday, December 17, 2022

December 17, 2022

ABAJA KURONDERA UBUZIMA MU MAHANGA, BAGIYE KWOROHEREZWA.

Mugihe buca amakungu ahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe inyambukira, ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu bwaraye bushize ahabona urutonde rw'amashirahamwe atanu(5) yemerewe gukora urudandazwa rwo gufasha abantu baja kurondera ubuzi mu mahanga.

Nk'uko vyagaragaye mw'ikete ry'ubushikiranganji muvyo bujejwe hari mwo imigenderanire n'ayandi makungu bwandikiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano,ubwo bushikiranganji buramenyesha ko hari amashirahamwe azwi n'amategeko mubijamye no kuranga ubuzi mu mahanga harimwo no gufasha abavyipfuza kuja kubukora.

Aho hari inyuma y'aho humvikaniye imyidogo n'amarira menshi y'abibwa amafaranga n'abantu canke amashirahamwe yikika mukiza ngo abatware mumahanga canke abarangireyo ubuzi ariko bikarangira batarenze imbibe z'uburundi canke abasohotse igihugu bagahakwa gusiga ubuzima bwabo muri ayo mahanga.

Ayo mashirahamwe yemerewe nayo ni: Rafiki jobs and Background, Sahil Agency in Burundi,Jakin Recrutement Office(JARO), Job Seekers Solution Agency hamwe na Eagle Agency for Younth Employment.

Ngo abo nabo bikika mukiza bagata abantu murudubi,ingingo zabo zibahana ziriko zirihwezwa. Bakongera bagakebura abahora bitura ayo mashirahamwe ko bokwama bagavye bakanasuzuma ko abo bituye bazwi n'amategeko kuko ingorane zose bazogira bazoba bafise abo bitura bagaheza bagatunganirizwa.

⟲ TWIBUKANYE: ubuherutse twanditse tubabwira inkuru ya NDAYIRUKIYE Innocent wo muntara ya Bubanza na bagenzi we bava muntara zitandukanye nka : Kayanza,Rumonge na Bujumbura Rural https://gakonews.blogspot.com/2022/12/urudandazwa-rwabantu-rurabandanya-mu.html basahuwe amaranga n'umudandaza azwi kw'izina rya NKORE , baraye bituye umuryango wiwe kugira ngo ubatunganirize, ubu bakaba bemeranije ko bagiye gutumako NKORE ave iyo yahungiye kugira baje hamwe nk'umuryango barabe uko bosubiza amafaranga yasahuye ariko kandi umupfasoni wiwe arasaba ko mugihe umugabo wiwe yoba yahungutse atowomurondera kugira abaronderere ayo mafaranga atekanye.

Wednesday, December 14, 2022

December 14, 2022

NGO MUSITANTERI WA KOMINE MUSIGATI, DÉO KWIZERIMANA NTIYATANZE IMIHOHO YARABOGOJWE

 Inyuma y'igipfungu cinshi cari gihishije "ikomborwa" rya musitanteri wa komine musigati iri mu ntara ya Bubanza,Umugumyabanga Deo Kwizerimana hahavuye hamenyekana inkuru y'ubusuma bw'amabati bwakozwe n'uwo nyene nk'uko avyagirizwa n'inama mpanuzwajambo y'ikomine yatwara. Muntango benshi bumvise ngo yatanze imihoho biyumvira ko bwoba ari ubutwari bwa cane kuko bitigeze bivugwa nk'uko ahandi bigenda.

Ngo uretse kwihagira no kunyuruza amabati yari yagenewe kwubaka zimwe mu nyubakwa rusangi nk'amashure n'amavuriro no gusanurira bamwe mu batishoboye bo ku mitumba igize iyo komine ya Musigati, haravugwa ko Déo yari mu babangamiye ubutunzi n'iterambere rya komine Musigati aho mbere muri vyinshi bimuvugwako vyaranze ikiringo ciwe harimwo kurya igiturire mu gihe hari ivyo barondera bisaba ko abashirirako umukono (ikarata karangamuntu, impapuro ndangatongo n'ibindi...). 

Aha twobamenyesha ko inyuma y'igihe kirekire iyo komine ya Musigati yarimaze atawuyiramutswa, ubu igiye kurongorwa n'uwitwa Joachim NDUWUMUKAMA, yari asanzwe akora akazi kw'ubwigisha.
(ifoto ya Joachim NDUWUMUKAMA, musitanteri mushasha     aramutswa komine Musigati)

Sunday, December 11, 2022

December 11, 2022

NYANZA-LAC: Umugambwe CNDD-FDD urabandanya gushigikira imiryango.

Umuryango wibarutse ubushuri wo ku Muyange wararonkejwe utuganuke n'abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Kigarama bamwe mu bagize Ligue des jeunes mu mugambwe CNDDFDD baragiye gukeza uluryango wa Ntakirutimana Simeon na Menedora wibarutse Ubushuri  bo ku murwa mukuru wa zone Muyange babashiriye akaganuke.

Jonathan abarongoye yaboneho akaryo ko kumenyesha ko urwaruka rukwije imyaka 25 rwo nyaragasa rukiyandikisha i  Makamba kugira ruzoje mu nzego  zijejwe umutekano . Ngo hakenewe abantu 30 bava mu moko yose muri Komine Nyanza-Lac. 

Mw'ijambo ryiwe  musitanteri Irankunda Marie Goreth yarakeje uwo muryango anashimira abaje kuwushigikira kuri uwo mutima w'urukundo berekanye . Irankunda yahamagariye abakenyezi kwubaha abanega babo , birinde kwahukana kandi baje mu mashirahamwe yo kwiteza imbere.

 Muri ivyo birori hari haje uwurongoye ligue des femmes ku rwego rw'intara n'uwutwara ligue des femmes muri komine  Makamba , uwutwara  ligue femmes muri komine Nyanza-Lac , uwurongoye forum des femmes i Nyanza-Lac Charlotte ISHIMWE, Sénatrice Chantal Ndabahinyuye, uwurongoye zone Muyange hamwe n'umunyamabanga w'umugambwe  CNDD-FDD muri zone Nyanza-Lac  BUTOYI Sostene .

Aha twokwibuka ko aho muri zone Muyange ariho havuye abantu bari kw'isonga mu bashaka ko musitanteri n'uwurongoye inama mpanuzwajambo ya Komine bakomborwa.